Afcon 2017: Gabon yanganije na Guinee Bissau, Burkina Faso inganya na Cameroun

Bubaye ubwa mbere Guinee Bissau baja mu nkino za nyuma z'igikombe ca Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu GABRIEL BOUYS
Image caption Bubaye ubwa mbere Guinee Bissau baja mu nkino za nyuma z'igikombe ca Afrika

Mu nkino zo gutangura ihiganwa ry'igikombe ca Afrika ziriko zirabera muri Gabon, ico gihugu canganije na na Guinee Bissau 1-1 co kimwe na Cameroun na Burkina Faso.

Mu mugwi A, urukino rwahuje Gabon na Guine Bissau, Gabon ni yo yatanguye kwinjiza ku munota wa 52.

Ico gitego cinjijwe n'umukinyi w'imbere wa Dortmund, Aubameyang.

Guinee Bissau yagiye kugombora urukino rugira rurangire ku munota wa 90, igitego cinjijwe giciye ku mutwa wa Juary.

Uwufise ububasha kw’isanamu GABRIEL BOUYS
Image caption Issoufou Dayo ariko arigina igitego ahejeje kwinjiza ku munota wa 75

Mu rundi rukino rwahuje Cameroun na Burkina Faso, na bo nyene baranganije igitego kimwe ku kindi.

Ku w'imana ku mugoroba itariki 15 z'ukwezi, mu mugwi B, Algeria ikinamwo umukinyi mwiza wa BBC na CAF, Mahrez iza gutana mu mitwe na Zimbabwe, mu gihe mu rukino rugira kabiri Tunisia ihura na Senegal ya Sadio Mane