AFCON 2017: RDC yatsinze Maroc 1-0

Kabananga Uwufise ububasha kw’isanamu ISSOUF SANOGO
Image caption Junior Kabananga ni we yatsinze igitego kimwe rukumbi co muri urwo rukino

RDC yatsinze Maroc igitego 1-0 biciye ku mukinyi Junior Kabananga, mu rukino rutari rworoshe rw'igikombe ca Afrika mu mugwi C.

Umugwi wa Floribert Ibenge wari wagumutse ku musi wa gatanu wanka kugira imyimenyerezobasaba uturusho twabo, bahatswe gutsindwa igitego urukino rugitangura ku ibuga ca Stade d'Oyem, inyuma y'aho Mbarak Boussoufa atereye umupira ku mwamba.

Junior Kabananga ni we yatsinze igitego kimwe rukumbi cabonetse muri urwo rukino ku munota wa 55.

RDC yahejeje urukino ibura umukinyi umwe inyuma y'aho Lomalisa Mutambala aherewe ikarata zibiri z'umuhondo.

Mutambala yari yagomboye aca ava mu rukino amaze iminota 16 gusa.

Youssef El-Arabi wa Maroc yananiwe kwinjiza incuro zibiri zose akoresheje umutwe mu mpera z'urukino.

Vyabaye ngombwa ko RDC bakina ari icenda inyuma y'aho Mutambala akuriwe mu rukino, umukinyi w'inyuma na we Gabriel Zakuani aaravunika aca arasohoka.

RDC rero ubu ni yo iri kw'isonga mu mugwi C inyuma y'aho mu rukino rwa mbere Cote d'Ivoire inganirije na Togo 0-0.