Man United mu rukino rwa nyuma rwa EFL

Man United Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abakinyi ba Man United bariko barigina igitego co kunganya

Umugwi wa Man United barindiriye urukino rwa nyuma rw'igikombe ca ELF n'aho batsinzwe na Hull City ibitego 2-1.

Mu rukino rwa mbere rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma Man United yatsinze 2-0, ubu rero bakaba babandanije ihiganwa bafise ibitego 3-2.

Umukinyi wo hagati wa Hull City, Tom Huddlestone ni we yabanje kwinjiza kuri penalite ku munota wa 35 w'urukino.

Man United bagomboye ico gitego ku munota wa 66 mu gice ca kabiri, igitego cinjijwe na Paul Pogba.

Ku munota wa 85, Baye Oumar Niasse yaciye yinjiza ikindi gitsindo ca Hull City, ariko n'aho batahukanye intsinzi muri urwo rukino ntibazobandanya ihiganwa kuko mu rukino rwa mbere bari batsinzwe.

Mu rukino rwa nyuma Man United izotana mu mitwe na Southampton, urukino ruzokinirwa ku kibuga ca Wembley mu gisagara ca Londres itariki 26 z'ukwezi kwa kabiri.