Afcon 2017: RD Congo 1-2 Ghana

Ghana iriko irigina igitego gitsinzwe na Jordan Ayew Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ghana iriko irigina igitego gitsinzwe na Jordan Ayew

Abavukanyi babiri Jordan na Andre Ayew ni bo binjije ibitego bibiri kuri kimwe ca RDC bishikanye umugwi wa Black Stars mu gice ca kabiri gishira ica nyuma mu nkino z'igikombe ca Afrika.

Uwo mukinyi wo muri Aston Villa ni we yatanguye kwinjiza umunyegoli wa RDC Ley Matampi.

Paul-Jose M'poku wa RDC yaciye asubiza ico gitego ku mupira yateye ari kure cane.

Andre Ayew ni we yatsinze igitego kigira kabiri ca Ghana.

Bubaye ubugira gatandatu Ghana ija mu gice ca kabiri gishira ica nyuma yikurikiranya, mu gihe bamaze imyaka 35 biruka inyuma y'ico gikombe ca Afrika.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukinyi wa Hull City, Dieumerci Mbokani (i buryo) yaronse uburyo bwinshi bwo kwinjiza ariko arananirwa