Afcon 2017: Misri yatsindiye kuja mu rukino rwa nyuma

Umunyezamu wa Misri Essam El Hadary Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umunyezamu wa Misri Essam El Hadary

Misri yaciye umuhigo mu gushika mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca Afrika ku ncuro icenga yikurikiranya inyuma yo gutsinda Burkina faso 4-3 kuri penalite, bakaba bari banganije 1-1 mu kiringo gitegekanijwe c'urukino.

Umunyegoli wa Misri amaze imyaka myinshi afatira uwo mugwi, Essam El Hadary yerekanye ubuhinga bwiwe mu gukuramwo penalite yari itewe na Betrand Traore kugira iyo ntsinzi iboneke.

Mu mwanya utegekanijwe w'urukino, Mohamed Salah ni we yatanguye kwinjiza.

Burkina Faso yagomboye ku mupira Charles Kabore yahawe na Aristide Bance.

Burkina Faso cabaye igihugu ca mbere cinjije igitego uwo mugwi wa Misri kuva iri higanwa ritangura.

Abakinyi ba Burkina Faso ari na bo berekanye urukino rwiza mu mwanya utegekanijwe n'amategeko ni bo batanguye kwinjiza penalite, ariko Misri aba ari yo itahuka intsinzi inyuma y'aho Traore ananiriwe kwinjiza.