Cameroun 2-0 Ghana

Abakinyi ba Cameroun mu munezero inyuma y'urukino
Image caption Abakinyi ba Cameroun mu munezero inyuma y'urukino

Cameroun na Misri ni yo migwi izohurira mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca Afrika 2017 inyuma y'aho Cameroun itsindiye ibitego 2-0 igihugu ca Ghana.

Iyo migwi yose ko ari ibiri yakinye neza cane, ariko mu gice ca mbere carangiye atawutsinze uwundi.

Igice ca kabiri catanguye imigwi yose izanye ingonga nyinshi, ku munota wa 72 akaba ari ho Michael Ngadeu-Ngadjui wa Cameroun yatsinda igitego ca mbere ca Cameroun.

Mu gihe hari hasigaye amasegunda make y'urukino, Ghana iriko igerageza kugombora, Christian Bassogog yaciye yinjiza igitego kigira kabiri, icizere ca Ghana co kugombora kiba kirarangiye.

Cameroun yaheruka kuja mu goce ca nyuma c'urukino mu 2008 aho batsinzwe na Misri, ari na bo bagiye gusubira guhura kandi mu rukino rwa nyuma.