Lincorn City wakoreye Burnley ibitaraboneka mu myaka 100 ya FA Cup

Sean Raggett yinjije igitego Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igitsindo ca Sean Raggett canditse amateka ya Lincorn City

Umugwi w'umupira w'amaguru Lincoln City ubaye uwa mbere ushitse muri kimwe ca kane 1/4 mi nkino z'igikombe ca FA, kandi ufise ikibanza ca kure cane ku rutonde rw'ishirahamwe, ibitari babe kuva mu 1914.

Umugwi wa Lincorn City, watsinze umugwi Burnley wo muri Premier League, kimwe ku busa, igitsindo waronse utevye ku munota wa 89.

Habaye ibirori vyo kwigina iyo ntsinzi igihe umusifuzi yavuza ifirimbi ya nyuma, abafana ba Lincoln bari baherekeje umugwi babonye ushitse muri 1/4 ubwa mbere mu myaka 133.

Iyo ntsinzi ya Lincorn itumye uba umugwi wa mbere utari ku rutonde rw'ishirahamwe utsinze imigwi yo muri league ine yose mw'isekeza rimwe, inyuma ya Telford mu 1985, kandi ni uwa gatatu ubikoze mateka y'umupira w'amaguru w' Ubwongereza