Jose Mourinho: Chelsea izotwara igikombe ca EPL

Jose Mourinho Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umumenyereza wa Manchester United, Jose Mourinho

Umumenyereza wa Manchester United Jose Mourinho avuga ko umugwi wa Chelsea wokwitegurira gusa inkino za FA kuko bigaragara ko uzotwara igikombe c'uyu mwaka muri EPL.

Abo bakinyi bamenyerezwa na Antonio Conte bazohura mu gice ca kane gishira ica nyuma na United Stamford mu nkino za FA, mu kwezi kwa gatatu, bari imbere amanota umunani mw'ihiganwa ry'uyu mwaka, mu gihe hasigaye inkino 13.

Chelsea baherutse gutsinda Wolves ibitego 2-0 mu nkino z'igikombe ca FA, mu gihe United batsinze ibitego 2-1 umugwi wa Blackburn.

"Igikombe ca FA ni ikintu gikomeye cane," uko ni ko uwahoze amenyereza Chelsea, Mourinho yavuze.

Chelsea biboneka ko ari yo izotahukana intsinzi ubugira kabiri mu myaka itatu, inyuma y'aho bagitwariye mu mwaka 2014-2015 bamenyerezwa na Mourinho.

"Chelsea, ku ruhande rwanje, bashobora gutwara igikombe ca FA kubera ko ata nkino zindi bafise zibabangamiye kandi bakaba biteze no gutsinda ihiganwa ryo mu Bwongereza. Igikombe ca FA n'ikintu gikomeye kuri bo."

Mu mwaka wa mbere ariko aramenyereza umugwi wa Man Utd, yashikanye uwo mugwi muri 32 za mbere mw'ihiganwa rya Europa, aho ubu bari imbere n'ibitego 3-0 yatsinze Saint Etienne yo mu Bufaransa.

Man United ubu bari mu kibanza ca gatandatu mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.