Walcott yagejeje ku bitego 100 muri Arsenal

Arsenal Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Theo Walcott yabaye umukinnyi wa 18 mu bakinnyi ba Arsenal bagejeje ku bitego 100 mu marushanwa atandukanye.

Igitego kigira ijana Walcott yagitsinze mu mukino ikipe ya Arsenal yatsinze ikipe ya Sutton 2-0 yo mu kiciro cya kabiri mu mukino w'igikombe cya FA.

Walcott amaze gutsinda inshuro 6 mu mikino y'irushanwa ry'igikombe cya FA ikipe ya Arsenal itakiniye ku kibuga cyayo.

Umukino wa kimwe ka kane muri iri rushanwa rya FA, Arsenal izawukina n'ikipe ya Lincoln City yo mu kiciro cya kabiri.

Umutoza Wenger wa Arsenal mu mukino wamuhuje na Sutton yari yahinduye ikipe yaherukaga kunyagirwa na Bayern Munich mu gikombe cy'Uburayi.

Ntiyakinishije abakinnyi barindwi bakinnye muri uwo mukino.