Amokachi ashigikiye Abanyafrika baja gukina mu Bushinwa

Daniel Amokachi avuga ko Obi Mikel yatsindiye ibikombe vyose bishoboka i Buraya, ngo ubu akeneye gukorera kazoza kiwe mu kwinjiza amahera menshi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Daniel Amokachi avuga ko Obi Mikel yatsindiye ibikombe vyose bishoboka i Buraya, ngo ubu akeneye gukorera kazoza kiwe mu kwinjiza amahera menshi

Uwahoze ari umukinyi rurangiranwa wa Nigeria, Daniel Amokachi, yashigikiye abakinyi b'Abanyafrika bakwegwa n'amahera y'ihiganwa ryo mu Bushinwa, Super League.

Abakinyi benshi b'umupira w'amaguru b'Abanyafrika bariko baraja gukina mu Bushinwa imbere yuko isoko ryo kugura abankinyi ryugara, barimwo abakirinira Nigeria John Obi, Odion na Brown Ideye.

Amokachi yagize ati "dukina umupira w'amaguru kuko dushaka kwinjiza amahera.

"Nta buzima dufise aho usanga vyose vyarateguwe kuva ukivuka - nk'uko bimeze i Buraya. Nta mfashanyo ya leta turonka."

Uyu yahoze ari icegera c'umumenyereza wa Nigeria ubu akaba amenyereza JS Hercules yo muri Finland, akaba kandi yarigeze kuba rutahizamu wa Everton, yavuze ko kuba ata bufasha bw'amafaranga bubaho bituma Abanyafrika benshi hamwe n'abo muri Amerika y'ubumanuko, baja mu Bushinwa.

Uwudashaka amahera ninde?

Mu gihe hari abibaza igituma abakinyi bava mu migwi yo ku rwego rwo hejuru i Buraya bakaja mu yibaha amahera menshi mu Bushinwa, Amokachi agira ati uwudashaka amahera ninde?

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Daniel Amokachi ashigikiye Abanyafrika baja guca amaher mu Bushinwa

Yatanze akarorero kuri Mikel, ataranashikana imyaka 30, ariko akaba amaze gutsindira igikombe ca Champions League co ku mugabane wa Buraya, ibikombe vya FA bine hamwe n'ica Europa League mu myaka cumi yamaze muri Chelsea.

Uwo mukinyi akina hagati yagiye mw'ikipe Tianjin Teda mu kwezi kwa mbere nyuma yo kudakinishwa na Chelsea mw'ihiganwa ry'uno mwaka.

Amokachi yabariye BBC Sport ati "Mikel yakiniye ikipe ikomeye y'i Buraya atsindira ibikombe vyose bishoboka mu mupira w'amaguru.

"Igisigaye kuri we n'ukwinjiza amahera menshi ashoboka ya kazoza kiwe n'abana biwe hamwe n'umuryango uri muri Nigeria, bazobeho neza."

Co kimwe na Mikel, Ideye w'imyaka 28 nawe yasinye amasezerano na Tinanjin Teda, yahejeje ari iya 11 mu mwaka uheze muri Super League.