Wenger ahagaze ku ngingo yiwe yo kudakinisha Sanchez ejo

Arsene Wenger avuga ko kudatanguza Sanchez yari ingingo itoroshe ngo ariko ayihagazeko Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Arsene Wenger avuga ko kudatanguza Sanchez yari ingingo itoroshe ngo ariko ayihagazeko

Umumenyereza w'ikipe Arsenal yo mu Bwongereza, Arsene Wenger, avuga ko ahagaze ku ngingo yiwe yo kudatanguza Sanchez mu rukino Liverpool yabatsinze 3-1.

Uwo mumenyereza w'aba Gunners yinjije rutahizamu wiwe Sanchez mu gice ca kabiri, ikipe imaze gutsindwa 2-0, aca aha umupira Danny Welbeck wavuyemwo igitsindo ca Arsenal.

Wenger yagize ati "Abantu bose baza kubibona kimwe, ariko ndatekanye bikwiye kandi ubwenge bwanje buri ku murongo ku buryo mbona neza inkuriziki zavyo."

Bwari ubugira gatanu gusa kuva yaza muri Arsenal, Sanchez atangura urukino rwa Premier League ari mu makinyi basimbura, mu gihe uyu munye Chilie ari kirumara ku kipe ya Arsenal.

Ba rutahizamu bakomeye mu kirere

Ariko Wenger yavuze ko yafashe ingingo yo gutanguza Welbeck na Oliver Giroud kugira basatire izamu cane.

Wenge yogeye ati "nashatse gukinisha abakinyi babiri bakomeye ku mipira yo hejuru, hanyuma nce nzana Sanchez mu gice ca kabiri.

"Simpakanye ko Alexis Sanchez ari umukinyi akomeye. Ingingo nk'iyo ntiba yoroshe gufata, utegerezwa kuyihagararako."

Gutsindwa kwa Arsenal kwari ukugira gatatu mu nkino zine, ubu ikaba ari iya gatanu, irushwa amanota abiri na Manchester City ya kane kandi inafise urukino yibikiye.