Man City yahanwe kubera imyitwarire mibi y'abakinnyi

Abakinnyi ba City Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza ryahanishije ikipe ya Manchester City kwishyura ihazabu y'amafaranga £35000 akoreshwa mu Bwongereza kubera kwitwara nabi mu mu mukino yanganyije na Liverpool 1-1 ku itariki ya 19 za kuno kwezi.

Iyi kipe yemeye ko ntacyo yakoze mu kugerageza gusaba abakinnyi bayo kwitwara neza mu kibuga.

Byabaye hafi k'umunota wa 50 w'umukino umusifuzi Michael Oliver amaze guha Liverpool penaliti.

James Milner yahise ayinjiza ariko Sergio Aguero wa City atsinda igitego cyo kunganya ku munota wa 69.

Gael Clichy - wari wahanwe kubera ikosa yakoreye Roberto Firmino- na David Silva bahawe amakarita nyuma yuko umusifuzi atangiye penaliti.