Conte avuga ko gutsindwa na Palace bituma ihiganwa riryoha

Antonio Conte avuga ko igikombe kitaraboneka Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Antonio Conte avuga ko igikombe kitaraboneka

Umumenyereza wa Chelsea, Antonio Conte, avuga ko gutsindwa na Crystal Palace ku buryo ataziga bitumye guhiganirwa igikombe ca Premier League bijamwo akunyu.

Chelsea isanzwe ariyo iri imbere muri Premier League, yatsinzwe ku nshuro ya kabiri gusa kuva ihiganwa ryatangura, aho Palace yiha amahirwe yo kutamanuka ku ntsinzi ya 2-1.

Intsinzi ya Tottenham kuri Burnley isigura ko ubu ica irushwa na Chelsea amanota indwi gusa.

Conte yagize ati "Ku bitangazamakuru ni vyiza, kuko bica bituma ihiganwa riryoha".

"Ariko namye mvuga ko ihiganwa rihera iyo ibiharuro vyerekana ko watsinze ata kwihenda.

"Nayo ubundi utegerezwa kubandanya urugamba, utegerezwa kugerageza gutsinda buri rukino."

Umumenyereza wa Tottenham, Mauricio Pochettino, wewe aracizera ko bashobora gufata Chelsea nyuma yo gutsinda Burnley 2-0.