Liverpool 1-0 West Brom

Liverpool yaduze ku mwanya wa gatatu Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Igitego ca Roberto Firmino ca 11 co muri iri sekeza

Intsinzi ya Liverpool kuri West Brom yatumye uwo mugwi umanuka ku mwanya wa gatatu ku rutonde rwa Premier League.

Uyu musatirizi w'umunya Brezil yinjirije ico gitego rudende mu mpera z'igice ca mbere.

Aho inyuma y'aho Alberto Moreno ahushirije izamu rigaragara, Albion keeper Ben Foster yasimbiye mu nfuruka.

N'ubwo ico bagihushije, abakinyi ba Jurgen Klopp bamuhaye instinzi igira gatanu mu nkino indwi, nayo West Brom ayri itsinzwe ubugira gatatu yikurikiranya.

West Brom yo imaze gutsinda rimwe mu nkino ndwi iheruka.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Manchester United yabonye igitego ca mbere kare mu rukino rubahuza na Chelsea

Muri kano kanya Chelsea iriko itana mumitwe na Manchester United.

Manchester United imaze kubona igitego kimwe ca Marcus Rashford yinjije kare ku munota ugira indwi umuoira utanguye.