Kapiteni wa Chelsea John Terry agiye gusezera uyo mugwi

John Terry yari amaze imyaka 19 akinira Chelsea Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Terry amaze guhesha Chelsea ibikombe bine vya Premier League kandi aziga n'ikindi

John Terry niwe mukinyi afise ibidari vyinshi muri Chelsea, aho yahesheje uwo mugwi ibikombe bine vya Premier League, kimwe ca Champions League, bitanu vya FA, kimwe ca Europa League na bitatu vya League.

Kuva mu 1998, John Terry amaze gukinira Chelsea incuro 713, muri izo 578 akaba yazimaze ari Kapiteni.

Ku Myaka 36, John Terry yavuze ko aciyumvamwo utuguvu mugabo rero ngo arabona ko ata vyinshi agisigaje gukorera Chelsea.

Uwo mugwi amaze kwinjiriza Chelsea ibitego 66 kuva atanguye muri uwo mugwi ku myaka 14, mw'isekeza ry'uyu mwaka amaze gutangura mu kibuga incuro zine gusa.

Mu bantu bamaze gukinira incuro nyinshi umugwi Chelsea, John Terry agira gatatu.

Aza inyuma Ron Harris na Peter Bonetti, akaba ari we yabaye kapiteni igihe kire kire.

Ariko rero John Terry yarigeze kwamburwa igitambara c'umu kapiteni w'umugwi nserukiragihugu, imbere yo kubuzw agukina incuro zine zose.

Ico gihe yaciriwe n'amande angana na £220,000, kubera yakoresheje imvugo y'amacakubiri ku mukinyi wa QPR, Anton Ferdinand.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption John Terry yari yakuwemwo mu rukino rwa nyuma rwa Champions League mu 2012

Ivyo vyatumye ataja mu rukino rwanyuma rw' igikombe ca Champions League co mu 2012.

Mu myaka 19 amaze yinjiye muri Chelsea, ahanini yagumye akinira uwo mugwi, kiretse mu 2000 aho yagiye muri Nottingham Forest.

Avuka ko yamye yifuza kurangizanya neza n'uyu mugwi yabayemwo igihe kire kire, akaba ngo abona rino sekeza ari ryiza haba kuri we canke kuri Chelsea ubwayo.