Anthony Joshua na Wladimir Klitschko, urukino rurindiriwe cane

Anthony Joshua na Wladimir Klitschko barahuza ubwayi muri iri joro i London Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Anthony Joshua na Wladimir Klitschko barahuza ubwayi muri iri joro i London

Hirya no hino kw'isi abakunzi b'urukino rw'ingumu, boxing, barindiranye igishika cinshi urukino hagati y'Umwongereza Anthony Joshua n'umunye Ukraine, Wladimir Klitschko.

Abantu bashika ku 90.000 baraba bari mu kibuga ca Wembley mu muji wa London uno munsi, kuraba urwo rukino rwo guterana ingumu hagati y'aba bakinyi bo mu rwego rw'abaremereye.

Hari imyaka 14 hagati y'uwo Mwongereza w'imyaka 27, hamwe n'umuterangumu yigeze kubera umufasha, benshi mu batangaza uru rukino bakavuga ko ari hagati y'umwigisha n'umunyeshure wiwe.

Ariko Joshua niwe ahabwa amahirwe menshi n'abakoresha akamari ku nkino.

Ivyo ariko ntibiteye ubwoka Klitschko w'imyaka 41, kuko uburambe bwiwe muri runo rukino aribwo yishimikiye.