Ikipe ya Sunderland mu Bwongereza yamanutse mu ciciro ca kabiri

Germain Defoe ntiyashoboye gukiza Sunderland Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Germain Defoe ntiyashoboye gukiza Sunderland

Imyaka 10 ikipe ya Sunderland yari imaze mu ciciro ca mbere mu mupira w'amaguru mu Bwongereza, Premier League, yaherahejwe no gutsindwa na Bournemouth ku kibuga ca Stadium of Light.

Ukwo gutsindwa, kwiyongeye ku kunganya hagati ya Hull City na Southampton, gusigura ko ikipe ya David Moyes ikeneye amanota 14 ngo ntimanuke, mu gihe inkino zisigaye ari zine gusa.

Joshua King wa Bournemouth yinjije igitsindo conyene muri urwo rukino hasigaye iminota ibiri gusa, ku mupira yahawe na Ryan Fraser.

Uwo munye Norvege yahatswe kwinjiza ku munota wa 20, ariko ishoti ryiwe ryateye ku cuma c'izamu umupira uca ugwa mu maboko y'umunyegoli Jordan Pickford.

Artur Boruc yakuyemwo umupira wa Jermain Defoe mu gice ca mbere, hamwe n'iya Fabio Borini na George Honeyman mu gice ca kabiri, ariko Sunderland nta gusatira kugaragara yigeze igira.

Gutsindwa kwa Sunderland uno munsi kwagira ukwa 23 muri ano mahiganwa, bigasigura ko iyo kipe imanutse ku nshuro igira kane, ikaba ubu ari ya mbere imaze kumanuka kenshi muri Premier League.