Umukino wa boxe uramutswa rurangiranwa mushasha

Anthony Joshua ubu afise imikandara yombi y'urwego rw'isi mu ciciro c'abafise ibiro vyinshi mu mukino wo guterana ingumu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Anthony Joshua ubu afise imikandara yombi y'urwego rw'isi mu ciciro c'abafise ibiro vyinshi mu mukino wo guterana ingumu

Umukino wo guterana ingumu, boxe, waraye wungutse rurangiranwa mushasha mu ciciro c'abafise ibiro vyinshi, nyuma y'intsinzi y'Umwongereza Anthony Joshua.

Yanesheje umunye Ukraine, Wladimir Klitschko w'imyaka 41, aca aronkera rimwe imikandara ibiri yo ku rwego rw'isi.

Umukino w'ejo mu kibuga ca Wembley mu muji wa London wari ubereye ijisho, urabwa n'abantu bashika ibihumbi mirongo icenda.

Kwivyukiranya

Aba bagabo bombi barivyukiranije nyuma yo gukubitwa bakagwa hasi, imbere y'uko umuhagarikizi ahagakira umukino ku ngunga ya cumi na rimwe, umunye Ukraine yegetswe ku migozi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Klitschko yari yataye hasi Joshua ku ngunga ya gatandatu y'urukino

Uwahoranye umukandara w'isi mu guterana ingumu, Sugar Ray Leonard, yavuze ko rwari urukino rwiza cane aho Joshua, w'imyaka mirongo ibiri n'indwi, yaciriye umugani abavuga ko ata burambe afise muri uno mukino.