Manchester City yatsinze Leicester 2-1

Gabriel Jesus Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Gabriel Jesus yinjije iitego ca kabiri

Umukinyi wa Manchester City Raheem Sterling, aremera ko batunzwe n'amahirwe kubona batsintze Leicester bibiri kuri kimwe.

Iyo ntsinzi ngo yabahaye icizere co guhiganirwa igikombe c'isekeza rikurikira rya Champions League.

Inyuma yo kwikwirikiranya gutsinda, City ya giye hejuru ya Liverpool ubu igeze kumwanya wa kane ku rutonde rwa Premier League, ariko rero Liecester yabakoresheje.

Kugeza ku munota wa 36 uruhande rwa Guardiola rwari rumaze kuronka ibitego bibiri, birimwo ica David Silva na penariti ya Gabriel Jesus.

Ariko Shinji Okazaki wa Leicester yaciye yinjjiza igitego gato imbere yo kuaj mu karuhuko.

Penariti ya Riyad Mahrez yo ku munota wa 77 ntaco yatanze, umusifuzi Robert Madley yacanse kubera ngo umupira wamuciye ku kuguru.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Leicester bari berekanye umukino mwiza ariko...

Leicester yakomeje gusatira, ariko City irabugarana gushika urukino rurangiye.

Manchester City igiye ku mwanya wa gatatu n'amanota 72 ku rutonde rwa Premier League, inyuma ya Tottenham ifise 77.

Iya mbere Chelsea izenurira zose n'amanota 87, yamaze kubona intsinzi irindiriye gukabakaba igikombe mu ntoke