Man United iratana mu mitwe na Ajax mu gikombe ca Europa league

Europa ligi Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Man United iratana mu mitwe na Ajax mu rukino rwa nyuma rwa Europa League

Urwo rukino rwa nyuma ruza kubera ku kibuga ca Friends mu gisagara ca Stockholm, kuva isaha zibizibiri z'ijoro n'iminota mirongo ine n'itanu , umuhagarikizi na we akaba aza kuba ari Damir Skomina wo muri Slovenia.

Urwo rukino rurakomeye cane ku mugwi wa Manchester United barangije ihiganwa bari mu kibanza ca gatandatu mu Bwongereza, mugihe rero botsinda urwo rukino, baca baronka uburenganzira bwo kuja mu nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo.

Ajax baza baratsindiye kuja muri izo nkino z'imigwi yabaye iya mbere iwabo kubera ko bahejeje ihiganwa ry'iwabo muri Holande bari mu kibanza ca kabiri.