Umudari wa Wenger atsinze Chelsea ngo azowugumya ubuzima bwose

Wenger avuga ko yari akwiye guhabwa icubahiro n'abafana nyuma yo kubaronsa ibikombe indwi vya FA Cup Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Wenger avuga ko yari akwiye guhabwa icubahiro n'abafana nyuma yo kubaronsa ibikombe indwi vya FA Cup

Umumenyareza wa Arsenal, Arsene Wenger, yavuze ko umudari yahawe nyuma yo gutwara igikombe ca FA mu gutsinda Chelsea 2-1 azowutunga ubuzima bwose.

Ngo uwo mudadi uzokwama umwibutsa ingene yatsindiye igikombe ca FA Cup co mu Bwongereza inshuro igira indwi bimugoye cane.

Uwo mumenyereza wa Arsenal w'imyaka 67 mu bisanzwe ntahora yerekana ibishobisho, ariko kubera ivyavugwa imbere y'intsinzi ya 2-1 ntivyamukundiye ko yigumya, aja mu bandi arigina.

Imbere y'urukino Wenger yari yidogeye abamunenze muri uno mwaka w'inkino, avuga ko ivyo bamuvuzeko ari akamaramaza ngo kandi ntavyo azokwigera yibagira.

Haje kandi ayandi madidane nyuma y'urukino kuko kazoza kiwe muri Arsenal nyuma y'imyaka 20 ayimenyereza kataramenyekana, imbere y'uko haba inama y'abarongozi b'ikipe kuwa kabiri.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Victor Moses wa Chelsea amaze guhabwa ikarata itukura kubera kwigusha, Arsenal vyayongereye ingoga

Hagiye gukurikira iki kuri Wenger

Wenger yerekanye ubudasa imbere n'inyuma y'urukino, aho nyuma yarwo yavugana n'abanyamakuru ashima ingene abakini bavyifashemwo.

Ariko yari yabanje kunenga abakunzi ba Arsenal - mu gihe bagira ingendo zo ku mwiyamiriza imbere y'inkino.

Baba kandi bitwaje ivyandiko imbere y'ikibuga ca Emirates Stadium bamusaba gukinjura.

Uyu mugabo ubu yahaye Arsenal igikombe ca FA Cup kigara indwi ari umumenyereza - co kimwe n'ibikombe vya Premier League bitatu.

Harimwo no gutwara ibikombe bibiri inshuro zibiri - akaba yumva yari akwiye guhabwa icubahiro.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Arsenal muri rusangi yarushije Chelsea

Ni ibintu bisa n'ibisiga ubwenge, nk'uko wenyene abivuga, ko abakunzi b'ikipe bayishigikira inkino zitanguye, ngo ariko urwanko bamwe bamweretse rwaramubabaje cane.

Wenger yavuze ko kazoza kiwe kazomenyekana mu ndwi iza, aho hashobora gutangazwa amahera menshi kugira agume muri iyi kipe.

Ariko kandi ntibiratomoka neza nyuma y'intsinzi ya Arsenal yaronse iyikwiye kuko yarushije cane abatwaye igikombe ca Premier League.