Ku rutonde rwa Forbes rw'imigwi y'umupira w'amaguru itunze cane, Man Utd yaciyeko Real Madrid

Man Utd yatsinze Ajax mu rukino rwa nyuma rwa Europa League mu kuronka uburenganzira bwo gukina muri Champions League Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Man Utd yatsinze Ajax mu rukino rwa nyuma rwa Europa League mu kuronka uburenganzira bwo gukina muri Champions League

Manchester United yaciyeko Real Madrid ku rutonde rw'imigwi itunze cane kw'isi, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru kirava ivyo ubudandaji Forbes.

Man Utd ihabwa agaciro ka miriyaridi 3.69 z'amadolari, ikaba isubiye kw'isonga ku rutonde rw'umwaka ubwa mbere mu myaka itanu iheze.

Umugwi wo muri Espagne, Barcelone ni uwa kabiri, ukaba uciye amadolari imiriyaridi 3.64, mu gihe Real yamanutse mu kibanza ca gatatu ku miriyaridi 3.53 z'amadolari.

Imigwi itandatu yo mu Bwongereza iri muri cumi ya mbere, harimwo Manchester City, Arsenal, Chelsea, Liverpool na Tottenham yose iza isanga Man United..

Umugwi wa mbere mu Budagi, Bayern Munich uza mu kibanza ca kane, mu gihe uwa mbere mu Butaliano uri mu kibanza c'icenda.

Real Madrid watahukanye igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo hamwe n'igikombe co muri Espagne, wari umaze imyaka ine yose ari wo uguma kw'isonga, ariko ubu wakorotse ibice 2% mu gihe Man Utd waduze ibice 11%.

Leicester watsinze ihiganwa ryo mu Bwongereza rya 2015-2016 ni uwa 19 mu gihe West Ham uri mu kibanza ca 15.

Urutonde rwa Forbes rw'imigwi y'umupira w'amaguru itunze cane kw'isi

  • 1. Manchester United uciye imiriyaridi 3.69 z'amadolari
  • 2. Barcelona uciye imiriyaridi 3.64 z'amadolari
  • 3. Real Madrid, imiriyaridi 3.58 z'amadolari
  • 4. Bayern Munich, imiriyaridi 2.71 z'amadolari
  • 5. Manchester City, imiriyaridi 2.08 z'amadolari
  • 6. Arsenal, imiriyaridi 1.93 z'amadolari
  • 7. Chelsea,imiriyaridi1.85 z'amadolari
  • 8. Liverpool, imiriyaridi1.49 z'amadolari
  • 9. Juventus, imiriyaridi1.26z'amadolari
  • 10. Tottenham, imiriyaridi1.06 z'amadolari
  • 11 Paris St-Germain, imiliyoni 841z'amadolari
  • 12. Borussia Dortmund, imiliyoni 808 z'amadolari
  • 13. AC Milan, imiliyoni 802 z'amadolari
  • 14. Atletico Madrid, imiliyoni 732 z'amadolari
  • 15. West Ham, imiliyoni 634 z'amadolari
  • 16. Schalke 04, imiliyoni 629 z'amadolari
  • 17. Roma, imiliyoni 569 z'amadolari
  • 18. Inter Milan, imiliyoni 537 z'amadolari
  • 19. Leicester City, imiliyoni 413 z'amadolari
  • 20. Napoli, imiliyoni 379 z'amadolari