Messager Ngozi na Olympic Star Muyinga mu rukino rwa nyuma rw'igikombe ca prezida

Abakinyi b'umugwi wa Messager NGOZI Uwufise ububasha kw’isanamu MESSAGER NGOZI
Image caption Abakinyi b'umugwi wa Messager NGOZI

Imigwi yo mu buraruko bw'Uburundi Messager Ngozi na Olympic Star Muyinga ni yo yaraye itahukanye uburenganzira bwo gukina urukino rwa nyuma rw'igikombe ca prezida.

Ku musi wa gatandatu Messager Ngozi yatsinze umugwi wa Athletico ibitego 3-1, mu gihe Olympic Star Muyinga yatsinze umugwi wa Muzinga buca umanuka mu cicaro ca kabiri ibitego 2-0 ku muri w'Imana.

Uwufise ububasha kw’isanamu OLYMPIC STAR MUYINGA
Image caption Abakinyi ba Olympic Star Muyinga

Bitegekanijwe ko urukino rwa nyuma ruba itariki umunani z'ukwezi kw'umunani mu 2017, ku kibuga citiriwe Umuco i Myinga, mu buraruko bw'Uburundi.

Mu mpera z'iyinga kandi harabaye urukino rwa nyuma rw'umupira w'amaguru mu bigeme, hagati y'imigwi ya Fofila PF na La Colombe.

Uwufise ububasha kw’isanamu PF Fofila
Image caption Abakinyi ba PF Fofila batahukanye igikombe c'uyu mwaka mu bigeme

Fofila PF no bo batahukanye intsinzi y'ibitego 4 kuri 1 ca La Colombe.

Imigwi yaronse ubushimwe bukurikira

1. Fofila PF : 1.500.000

2. La Colombe: 1.000.000

3. PVP Buyenzi: 700.000

4. Ubuntu women FC: 500.000