El Hadji Diouf, rurangiranwa wa Senegal, avuga ko atari umuntu mubi

El Hadji Diouf ubu aba kandi agakore mu gihugu c'amavukiro, Senegal
Image caption El Hadji Diouf ubu aba kandi agakora mu gihugu c'amavukiro, Senegal

El Hadji Diouf ni intwari muri Senegal. Aho agiye hose akikuzwa n'abakunzi, baba abakiri bato canke abakuze. Igihugu ciwe kiracamushimira ku kuntu yavyifashemwo mu gikombe c'isi 2002 muri Koreya y'epfo na Japon.

Ariko mu Bwongereza, yibukirwa cane ku vyo yakora bitashimwa na bose kurusha ubuhinga bwiwe bw'umupira w'amaguru.

Ni ibintu vyamukurikiranye mu makipe no mu vyiciro yakinyemwo mu Bwongereza - kuva muri Liverpool na Blackburn gushika muri Bolton Wanderers, anaca gatoyi muri Rangers yo muri Ecosse.

Diouf yari n'amanyama, yaracira ku bandi bakinyi kandi akifatira mu gahanga abahagarikizi co kimwe n'abandi bakinyi.

Ariko ubu mu bukukuruke, arabara inkuru yiwe.

'Sinakira neza gutsindwa'

"Ndi intare, nstindwa nabi kandi si icaha gutsindwa". Uko niko Diouf yavuze ku vyerekeye ukuntu yahatana cane akiri umukinyi.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Waba uzi aho El Hadji Diouf ari?

"Mfise uko nteye kandi mba nshaka ko abantu banyubaha."

Diouf, ubu yimukiye ku murwa mukuru wa Senegal, Dakar, avuga ko agikina mu Bwongereza batamutegera.

Yagize ati: "Biroroshe kunyifatira mu gahanga. Biroroshe kuvuga kuri El Hadji Diouf kandi ndabareka bakamvuga ariko ndazi ko mu mutima w'iwanje ndi umuntu mwiza. Umuryango wanje urabizi, abantu banje barabizi, umugabane wanje urazi ko ndi umuntu mwiza kandi ivyo nivyo bihambaye. Ibindi si ingorane z'iwanje."

Naho yisigura gutyo, Diouf aremera ko hari ibintu bibi yakoze.

Nk'akarorero abajijwe igituma yahora acira ku bandi bakinyi, yagize ati: "Nkumbure baba bambwiye ikintu ntashaka kwumva. Narabikoze, naravyishuye kandi ubu vyaraheze."

'Gerrad ntaco yigeze akorera igihugu ciwe'

Uyu rurangiranwa wo muri Senegal yarashwanye na bamwe mubo bakinana muri Liverpool nka Jamie Carragher na Steven Gerrard.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Steven Gerrad na Diouf barakinanye 2002-2004

Gushika n'uno munsi, Diouf na Gerrad babandanya gushwana kwabo mu bitangazamakuru. None mu vy'ukuri ikibazo kimeze gute?

Dious agira ati "Nta kibazo mfitaniye nawe". "Ni umuntu [Gerrard] afise amanyama nanje nkaba mfise amanyama.

"'Stevie G' yari umukinyi mwiza. Abantu baramukunda i Liverpool ariko ntaco yigeze akorera igihugu ciwe. Jewe ndi Bwana El Hadji Diouf, Bwana Senegal ariko we ni Bwana Liverpool kandi Senegal ni nini kuri Liverpool kandi ivyo agomba kubimenya."

Diouf akora muri Senegal nk'umuserukizi adasanzwe wa leta. Niwe muhanuzi wa Prezida Macky Sall mu vy'inkino akanarongora ikinyamakuru ciwe c'inkino i Dakar - kandi urwaruka ruramwuzurako iyo agiye mu kibanza ciwe co kunonora imitsi mu muji.

"Umukuru w'igihugu aranyizera kandi nico gituma aho nahagarika gukina, yarampamagaye ambwira ko ashaka ko mfasha kuko urwaruka runyemera. Ndi akarorero kuri rwo."

Uwufise ububasha kw’isanamu El Hadji Diouf
Image caption Prezida Macky Sall akoresha Diouf nk'umuhanuzi mu vy'inkino

Abajijwe nimba yoja muri politike, Diouf yavuze ko ubu yibanda ku guteza imbere igihugu ciwe - ariko ntashobora kuvuga ko atoja muri politike muri kazoza.

Yagize ati: "Ndabishaka kuko dutegerezwa guhindura ibintu. Abantu nkanje turashobora gutuma ibintu bihinduka.

"Dufise igihugu gikeneye kwubakwa, umugabane ukeneye kwubakwa kandi simbona igituma ntoshaka kugira uruhara muri politike muri kazoza."

'Twagize Senegal rurangiranwa kw'isi'

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igikombe c'isi co mu 2002 catumye Diouf (hagati) yumva ko ashitse ku kintu gikomeye

Yahawe inshuro zibiri n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrikca (Caf), agashimwe k'umukinyi yarushije abandi. Diouf kandi yari mw'ikipe ya Senegal yashitse mu makipe umunani ya nyuma mu gikombe c'isi c'umupira w'amaguru co mu 2002, batsinda France yari ifise igikombe.

Avuga ko ico gihe ariho yashitse ku rwego rukomeye mu gukina kwiwe - avuga ko kuri we bingana nk'igihe Maradona yatsindira Argentine igikombe c'isi.

Yagize ati "Twagize Senegal rurangiranwa kw'isi. Imbere y'igikombe c'isi ntawari azi Senegal, ariko nyuma y'igikombe c'isi abantu bose bashaka kumenye Senegal aho iri.

"Ivyo Maradona yakoreye igihugu ciwe nivyo nakoreye Senegal. Nari umwe mu bakinyi bahambaye mu gikombe c'isi 2002.

"Twakoronijwe n'Ubufaransa. Urudandazwa nka rwose rufiswe n'Abafaransa ngaha, rero kubatsinda cari ikintu gihambaye kuri twebwe.

"Imbere y'urukino baravuga bati, 'Ikipe y'abasimbura igomba ikine n'ikipe nkuru' - kuko benshi mu bakinyi bahora bakina mu Bufaransa.

"Nakina i Lens, Salif Diao [yari muri Sedan], Khalilou Fadiga [yari muri Auxerre], benshi mu bakinyi bakina mu Bufaransa ariko twaravuga duti: 'Banza witonde imbere yo kwica intare."

Diouf avuga ko ashoboka kugira ico akora kugira ateze imbere umupira w'amaguru ku mugabane wa Afrika, ariko akumva ko uburyo uwo mukino utunganijwe bigomba guhinduka.

Yagize ati "Fifa yarahindutse ubu rero harageze ko umupira wo muri Afrika uhinduka".

Iki ni igice ca mbere c'urukurikirane 'Ubu bari hehe?' muri ino ndwi , catunganijwe na Stanley Kwenda, yihweza ico bamwe mu bakinyi b'Abanyafrika bahoze ari rurangiranwa bakora ubu nyuma yo guhagarika gukina. Azovugana kandi na Salif Diao, Peter Ndlovu, Benni McCarthy na Nwankwo Kanu.