Ingene isoko ry'abakinyi ryifashe ku wa gatatu itariki 28.06.2017

Alvaro Morata Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Alvaro Morata

Utwigoro twa Manchester United two kugura umukinyi w'imbere wa Real Madrid, Alvaro Morata w'imyaka 24, turacumbagira inyuma y'aho Real idugirije igiciro ciwe gushika ku mapawundi imiliyoni 80.

Morata aherutse kwubaka urwiwe, vyabaye ngombwa ko yihuta kuva mu karuhukokiwe kugira yihutishwe igikorwa co kwimukira muri Old Trafford(AS).

Ubwoba kuri kazoza ka Christiano Ronaldo butuma haba uguceregwa gutangaza ukwimuka kwa Alvaro Morata ava muri Real Madridaja muri Manchester United (Diario Gol).

Tottenham bariteguye gushira umukono ku yandi masezerano n'umukinyi wabo w'inyuma Toby Alderweired w'imyaka 28, ubu aronderwa na Inter Milan (Daily Mirror).

Umukinyi w'imbere wa Sunderland, Jermain Defoe w'imyaka 34 ashobora kuguma muri uwo mugwi kubera Bournemouth na West Ham bacerewe kumugura bivuye ku giciro gihanitse c'uwo mukinyi. (Daily Star).

Umukinyi w'imbere wa Burnley, Andre Gray w'imyaka 26 ashaka amasezerano mashasha n'umushahara wa 100.000 buri ndwi, ariko uwo mugwi uvuga ko ata bushobozi ufise bwo kumuha uwo mushahara (Daily Star).

Umugwi wo muri Turkia wa Fernabahce uriko uraraba ingene wogura umukinyi wa Everton, Kevin Mirallas w'imyaka 29 (Fanatik).

Umugwi wa AC Milan wahevye kugura umukinyi wo hagati wa Real Madrid, James Rodriguez w'imyaka 25, ivyo bikaba bihaye akandi karyo keza imigwi ya Chelsea na Manchester United ko kumugura (Mundo Deprtivo).

Everton bigijeyo Manchester United mu kugura umukinyi w'inyuma Michael Keane w'imyaka 24 wo mu mugwi Burnley, akaba yitezwe ku kibuga ca Goodison Park mu misi mike iri imbere (Sun).

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umukinyi w'inyuma wa Arsenal Laurent Koscielny (uwa kabiri uvuye i buryo)

Umugwi wa AC Milan ushaka kugura umukinyi w'inyuma wa Arsenal, Laurent Koschienly w'imyaka 31 (Telefoot).

Aston Villa bazorangiza kwumvikana n'umukinyi w'inyuma John Terry 34 muri iyi ndwi, mu gihe amasezerano yiwe na Chelsea yarangiye (Daily Mirror).

Manchester United bazobandanya kugerageza kugura umukinyi wo hagati wa Monaco, Fabinho w'imyaka 23, n'aho bamaze kugura na Nemanja Matic w'imyaka 28 yahora mu mugwi wa Chelsea. Bishoboka ko Jose Mourinho amukinisha inyuma mu ruhande rw'i buryo (Independant).

Umukinyi w'imbere wa Manchester United, Anthony Martial w'imyaka 21, ashaka gusaba Jose Mourinho kuva muri uwo mugwi, kandi uwo mugwi ntuzomubuza gukura meza (Daily Express).

Manchester United yadugije igiciro c'amahera bashobora gutanga ku mukinyi wa Real Madrid, James Rodriguez, gushika ku mapawundi 80 (Mediset Premium).

Francesco Totti w'imyaka 40 ariko aravugana n'umugwi wa Tokyo, Verdy kuvyerekeye amasezerano y'amapawundi 50.000 buri ndwi. Totti azova mu mugwi wa Roma inyuma y'imyaka 25 (Sun).

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Hector Bellerin

Umugwi wa Barcelone wihaye imisi 10 ngo babe bamaze kugura umukinyi wa Arsenal Hector Bellerin. Mu gihe iyo misi yorangira batararonka uwo mukinyi bazoca barekeza ahandi (Mundo Deportivo).

Arsenal irizeye ko umukinyi wabo Alex Oxlade-Chamberlain ashira umukono ku yandi masezerano w'amapawundi 100.000 ku ndwi, ariko uwo mukinyi ashaka ko babanza kumwizeza ko azoza araronka umwanya wo gukina imbere yo gushirako umukono (Evening Standard).

Nta mugambi Zinedine Zidane afise wo kugurisha umukinyi Gareth Bale muri iki gihe, n'aho hari inkuru zivuga ko Real ishaka kugura umukinyi Kylian Mbappe (Marca).

Umukinyi w'inyuma wa Chelsea Kurt Zouma w'imyaka 22, ashobora kuja mu mugwi wa Nice kw'ideni, kugira ashobore kuza aratangura mu kibuga (TalkSport).

Hagati ya Kurt Zouma na Michy Batshuayi, umwe muri bo ashobora kugurwa na Seville, mu masezerano bogorana na Chelsea yo guhabwa umukinyi Vitolo (Exoress).

Manchester United bashaka kugura umukinyi wo hagati wa Middlesbrough Marten de Roon w'imyaka 26, kandi bizeye ko bashobora kumuronka ku mapawundi imiliyoni 8.8 (Tutto Mercato).

Imigwi ya Chelsea, Tottenham, Everton, Leicester, Southampton na Stoke, yose irashaka umukinyi Ben Gibson w'imyaka 24, ariko bategerezwa kuriha amapawundi imiliyoni 25 kugira baronke uwo mukinyi w'inyuma wa Middlesbrough (Daily Star).

Umugwi wa Tottenham urashaka umukinyi w'inyuma wa Southampton, Cedric Soares w'imyaka 25, ariko bahanganye n'iyindi migwi imurondera ya Barcelone na Juventus (Daily Mirror).

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Umukinyi wo hagati wa Leicester, Nampalys Mendy w'imyaka 25, ashaka kuja mu mugwi wa Bordeaux inyuma yo kunanirwa gukina neza mu Bwongereza (L'Equipe).

Barcelone yashavujwe cane n'uwahoze ari umukinyi rurangiranwa w'uwo mugwi Carlos Puyol, inyuma y'aho umwe mu bakinyi b'inyuma ahagarariye w'imyaka 16, Eric Garcia afatiye ingingo yo kuva muri Barcelone akimukira muri Manchester United (Independent).

Paris Saint-Germain iriteguye gutanga amapawundi imiliyoni 240 mu kugerageza kugura Kylian Mbappe hamwe n'umunyegoli Gianluigi Donnarumma. PSG bazotanga ama euro imiliyoni 135 ku mukinyi Mbappe hamwe n'ama euro 39 ku munyegoli wa AC Milan, Donnarumma, kandi baranashaka gutanga ama euro imiliyoni 42 ku mukinyi Fabinho wa Monaco, hamwe n'ama euro imiliyoni 23 yo kugura Raphael Guerrerro wo mu mugwi wa Borussia Dortmund (Sport).

Umugwi wa Tianjin Quanjian wo mu Bushinwa uriteguye gusubira kurondera umukinyi w'imbere wa Borussia Dortmund, Pierre Emerick-Aubameyang kandi biteguye gutanga ama euro imiliyoni 80 (SportBild).