Liverpool irashaka kugura Naby Keita

Keita yakiniye ikipe ye ya Leipzig imikino 31 mu mwaka ushize w'imikino Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Keita yakiniye ikipe ye ya Leipzig imikino 31 mu mwaka ushize w'imikino

Liverpool irashaka kumutangaho amafaranga menshi itari bwigere itanga mu kugura undi mukinnyi.

Ikipe ya Leipzig iravuga ko kuri iri ki itazagurisha Keita y'imyaka 22 y'amavuko.

Ni nyuma yaho iboneye tike yo gukina imikino ya nyuma y'irushanwa rya Chamipons League ry'uyu mwaka.

Biravugwa ko Keita yagurwa miliyoni 70 z'amapawundi akoreshwa mu Bwongereza, nubwo bwose muri kontaro ye harimo ingingo ivuga ko mu gihe yaba avuye mu ikipe akinira ubu hatangwa miliyoni 48 z'amapawundi.

Iyo ngingo yo muri kontaro ye ikaba yakurwaho mu iki ritaha.

Liverpool ntiratangira gupiganirwa Keita, watsinze ibitego umunani muri shampiyona ya Bundesliga mu mwaka ushize w'imikino.

Ariko umutoza wa Liverpool, Umudage Jurgen Klopp, ni umufana wa Keita. Kandi n'ubuyobozi bw'ikipe ya Liverpool bushishikajwe no kuba bwabona uyu mukinnyi ufatiye runini ikipe ya Leipzig.

Nanone ntibiramenyakana niba Keita ubwe afite amashyushyu yo gukina muri shampiyona ya Premier League.