Lille yirukanye abakinyi 11 harimwo Enyama na Sunzu

LILLE Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Vicenti Enyama

Uwahoze asamira umugwi nserukiragihugu wa Nigeria. Vincenti Enyama, n'umwe mu bakinyi 11 babwiwe n'umumenyereza mushasha wa Lille, Marcelo Bielsa, ko batagikenewe muri uwo mugwi.

Enyama yakiniye umugwi nserukiragihugu wa Nigeria incuro 101, yari yashize umukono ku masezerano mashasha yo gukinira uwo mugwi igihe kirekire mu mwaka uheze.

Bielsa, umumenyereza mushasha w'uwo mugwi, yararungikiye ubutumwa nk'ubwo kandi umukinyi Stoppila Sunzu wo muri Zambia, umunye Tunizia Naim Sliti hamwe na Junior Tallo wo mu gihugu ca Cote d'Ivoire, ko batari ku rutonde rw'abakinyi akeneye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Stoppila Sunzu

Umugwi wa Lille uza wamaze kugura umunyegori Herve Koffi wo mu gihugu ca Burkina Faso, mu gihe uwo mugwi warangije ihiganwa ry'umwaka uheze uri mu kibanza ca 11.