Lacazette yagiranye amasezerano y'imyaka 5 na Arsenal

Arsenal Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Alexandre Lacazette

Umugwi wa Arsenal wagiranye amasezerano y'imyaka 5 n'umukinyi yahora akinira Lyon, Alexandre Lacazette, ku mahera atari bwigere atangwa n'uwo mugwi. imiliyoni 52.6.

Umukinyi wo hagati w'Ubudagi Mesut Ozil ni we yari amaze kugurwa amahera menshi cane n'uwo mugwi wa Arsenal mu mwaka wa 2013.

Lacazette yashize umukono ku masezerano y'imyaka itanu n'uwo mugwi wo mu gisagara ca Londres, akaba azoba ari kumwe n'abandi bakinyi b'uwo mugwi mu rugendo bazojamwo i Sydney mu nkino za kivukanyi zibiri.

Arsenal iriko irihweza amagara ya Lacazette

Mu mwaka uheze, Lacazette ni we yabaye uwa mbere mu kwinjiza ibitego vyinshi mu Bufaransa, mu kwinjiza ibitego 28, akaba amaze kwinjiza ibitego 129 mu nkino 275 kuva atanguye gukinira umugwi wa mbere mu mwaka 2009-2010.