Man Utd yemeye kugura Romelu Lukaku ku miliyoni 75 z'amapawundi

Mshambuliaji wa Everton Romelu Lukaku
Image caption Romelu Lukaku

Manchester United bumvikanye n'umugwi wa Everton kuriha imiliyoni 75 z'amapawundi ku mukinyi w'imbere Romelu Lukaku.

Uwo mukinyi wo mu Bubiligi w'imyaka 24 yatsinze ibitego 26 mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza riheze.

Man Utd bari bamaze igihe kirekire bahiga uwo mukinyi Lukaku.

Inyuma yo kuronka uwo mukinyi, ntibagikeneye kwiruka inyuma Alvaro Morata wa Real Madrid.

Ibiganiro vyo kugura umukinyi Lukaku nta co bisa bisana n'ibiganiro biriko biraba ku mukinyi Wayne Rooney wa Man Utd ngo asubire muri Everton.

Uwo mugwi umenyerezwa na Jose Mourinho wizeye ko urangiza amasezerano na Lukaku vyihuta kugira ashobore kuja ku rutonde rw'abazoja gukina inkino za kivukanyi zizobera muri Amerika ku musi w'Imana imbere y'uko ihiganwa ritangura.

Uwo mukinyi yari ku rutonde rw'abo umumenyereza Mourinho yashikirije icegera c'umukuru w'uwo mugwi Ed Woodward, yipfuza kugura imbere y'uko ihiganwa ritangura.

Imbere y'aho, vyanuganugwa ko Lukaku azosubira mu mugwi wiwe wa Chelsea, yari yajemwo avuye muri Anderlecht mu 2011.

Uwo mukinyi yagurishijwe muri Everton ku miliyoni 28 z'amapawundi na Mourinho, igihe uwo mumenyereza wo muri Portugal yamenyereza Chelsea mu mwaka 2014.

Lukaku aserukirwa na Mino Raiola, aserukira kandi umukinyi Paul Pogba, Zlatan Ibrahimovic na Henrikh Mkhitaryan- abakinyi batatu bose baguzwe na Manchester United mu mwaka uheze.

Uwo mubiligi yaranse amahera menshi yatanzwe na Everton mu kwezi kwa gatatu avuga:"Sinshaka kuguma uko nari ndi. Nshaka gutera imbere kandi ndazi aho ntumbera kugira ndabishikeko.!"