Inyuma yo kugugwa £ miliyoni 75, hasigaye ko Lukaku asanga Man Utd yamutahiye

Romelu Lukaku Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Romelu Lukaku

Manchester United ivuga ko yanezerewe cane n'uyu umwumvikano, ahasigaye kugirango yimuke ngo bizova ku bipimo vya muganga no kuri weneyene.

Chelsea nayo nyene yari yashatse kumwisubiza, ariko n'ubwo bashikanya igitigiri c'amafaranga yatanzwe, ntibashoboye kwumvikana ku yoca aja mu minwe w'uwujejwe kumuserukira ku migwi ishaka kumugara Mino Raiola.

Jose Mourino niwe yari umumenyereza wa Chelsea igihe yagurisha Lukaku kuri Everton miriyoni 28 z'ama pounds mu kwezi kw'indwi mu 2014.

Lukaku yanse kwongera amsezerano na Everton mu kwezi kwa gatatu kandi yeri yemeye kumutangako amafaranga itari bwahe umukinyi n'umwe.

Ngo yanse kuguma ku ntambwe ariko kubera amafranga, ahitamwo kuja aho yumva shobora guter'imbere.

Kuva aho atsindiye ibitego bibiri Hull City, Lukaku yabaye umukinyi wa bere wa Everton kuba inyuma ya Gary.

Abaye kandi umukinyi agira kane aronse ibitego 80 muri Premier League.

Arimuri batatu bama bakwije ibitego 10 muri buri sekeza rya Premier League mu kiringo c'imyaka itanu iheze (kimwe na Olivier Giroud hamwe na Sergio Aguero)