Manchester United yatsinze Man City mu rukino rwa kivandimwe

Romelu Lukaku amaze kwinjiza mu nkino zose zibiri amaze gukinira Man Utd Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Romelu Lukaku amaze kwinjiza mu nkino zose zibiri amaze gukinira Man Utd

Umugwi Manchester United wo muri Premier League mu Bwongereza watsinze Man City ikina muri iryo higanwa nyene, mu rukino rwa kivandimwe rwo kwitegurira ihiganwa ritangura mu kwezi kw'umunani.

Muri urwo rukino rwabereye mu gisagara ca Houston muri Amerika, rukaroregwa n'abantu 67401, umugwi Manchester watsinze 2-0.

Umukinyi uwo mugwi uheruka kugura, Romelu Lukaku niwe yatanguye kwinjiza ku munota wa 37 aherejwe na Paul Pogba.

Igitsindo ca kabiri cinjijwe na Rashford haheze iminota ibiri.

"Ndanezerewe vyukuri," niko Mourinho yavuze.

"Ndazi neza ko na Pep [Guardiola] arico kimwe. Igihambaye ni guha abakinyi bacu imyimenyerezo isukuye."

City yahatswe kugabanya ivyo bitsindo igihe ishuti ya Fernandinho idugirijwe hejuru y'igori na Sergio Romero.

Umumenyereza wa City, Guardiola yaranezerejwe n'ingene umukinyi mushasha baheruka kwinjiza, Phil Foden yakinye urukino rwiwe rwa mbere muri uwo mugwi.

"Nta majambo mbona nokoresha ngo mvuge ivyo nabonye," niko Guardiola yavuze.

"Yakinye ku rugero rwo hejuru ntari bwabone. Arakunda umugwi. Ni nk'akaganuke twaronse."