Cameroun izokwakira koko ihiganwa ry'igikombe ca Afrika mu 2019?

Cameroun niyo yatsinze igikombe ca Afrika c'imigwi y'ibihugu mu 2017 mu kwezi kwa kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Cameroun niyo yatsinze igikombe ca Afrika c'imigwi y'ibihugu mu 2017 mu kwezi kwa kabiri

Mu gihe ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika "Confederation of African Football" (Caf) ryadugije igitigiri c'imigwi ihiganwa kuri 24, iryo higanwa rikungurizwa mu kwezi kwa gatandatu n'ukw'indwi, hari amakenga kw'izo ngingo zocereza Cameroun kuryitegurira.

Ico gihugu co muri Afrika yo mu burengero, nico catowe ngo gicumbikire inkino z'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika mu 2019.

Mu gihe hasigaye munsi y'imyaka ibiri, igihugu ca Cameroun gisa n'igicishwa ku biti mu kuvyitegurira.

Caf ivuga ko izofata urugendo mu kwezi kw'icenda kuraba ingene ico gihugu kivyiteguriye na burya hiyongeye 50% vy'abantu bazoryitaba.

Umushikiranganji w'inkino muri Cameroun, Ismael Bidoung yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ati:

"Nagira ngo ndabizeze, haba mu gihugu canke mu makungu, ko leta yiyemeje gushira mu ngiro ivyo Caf yasavye ku gihe, nta mugwi wa Caf uravuga ko hari icacerewe mu nyiteguro."

Hagataho igihugu ca Maroc kiramaze kumenyesha ko citeguye gufasha igihe vyoba bigoranye.