Usain Bolt yatsinze isiganwa rya Monaco Diamond League

Bolt arateganya gusezera ku gusiganwa mu kwezi gutaha mu masiganwa azabera i London Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bolt arateganya gusezera ku gusiganwa mu kwezi gutaha mu masiganwa azabera i London

Umunyajamaica Usain Bolt yatsinze mu kwiruka metero 100 mu isiganwa rya Monaco Diamond League, akoresheje igihe kingana n'amasengo 9.95.

Bwabaye ubwa mbere uyu mwaka Usain Bolt abashije kwiruka metero 100 akoresheje amasegonda atageze ku icumi.

Yasize Umunyamerika Isiah Young wakoresheje amasegonda 9.98, ndetse n'Umunyafurika y'epfo Akani Simbine wakoresheje amasegonda 10.02.

Bwana Bolt w'imyaka 30 y'amavuko, amaze gutsindira irushanwa rya Olympic mu gusiganwa ku maguru inshuro umunani.