Chelsea yaguze Alvaro Morata

Alvaro Morata yatangiye gukina ku rwego mpuzamahanga mu mwaka wa 2014, akaba amaze gukinira igihugu cye cya Espanye inshuro 20 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Alvaro Morata yatangiye gukina ku rwego mpuzamahanga mu mwaka wa 2014, akaba amaze gukinira igihugu cye cya Espanye inshuro 20

Ikipe ya Chelsea yaguze rutahizamu Alvaro Morata w'ikipe ya Real Madrid kuri miliyoni 60 z'amapawundi, amafaranga Chelsea itari bwigere itanga mu kugura umukinnyi.

Yahawe kontaro y'imyaka itanu.

Morata w'imyaka 24 y'amavuko, yatsinze ibitego 20 mu mwaka ushize w'imikino nyuma yo gusubira muri Real avuye mu ikipe ya Juventus ifite igikombe cya shampiyona y'Ubutaliyani.

Ari kumwe n'ikipe ye, Morata yatsindiye igikombe cya shampiyona ya Espanye, La Liga, ndetse n'igikombe cya Champions League. Ariko igihe kinini, yakinnye asimbura.

Kuri iyi mpeshyi, ikipe ya Chelsea, ifite igikombe cya shampiyona ya Premier League, yanasinyishije umunyezamu Willy Caballero, myugariro Antonio Rudiger n'umukinnyi wo hagati Tiemoue Bakayoko.

Ubu Morata azaba ari mu bakinnyi b'ikipe ya Chelsea bazaba bari mu rugendo ku mugabane w'Aziya, bakina imikino ibanziriza shampiyona.

Amafaranga menshi Chelsea yaherukana gutanga mu kugura umukinnyi yari miliyoni 50 z'amapawundi yatanze igura Fernando Torres imukura mu ikipe ya Liverpool mu mwaka wa 2011.

Michael Emenalo, umuyobozi w'imyitozo muri Chelsea, yagize ati: "Alvaro yagaragaje ko ari umukinnyi wo ku rwego rwo hejuru kandi ubuhanga bwe buzaba inyongera ikomeye".

Morata ashobora gusimbura Umunyespanye mugenzi we Diego Costa, umutoza Antonio Conte avuga ko yabwiwe mu kwezi kwa mbere ko atakiri mu migambi ye.