Los Angeles izokwakira inkino za Olympique mu 2028

Carl Lewis (wa kabiri i bubamfu) yatsinze imidari ine y'inzahabu mu nkino za Olympique z'i Los Angeles mu 1984 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Carl Lewis (wa kabiri i bubamfu) yatsinze imidari ine y'inzahabu mu nkino za Olympique z'i Los Angeles mu 1984

Igisagara ca Los Angeles (LA) muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika nico kizokwakira inkino za Olympique mu 2028, mu gihe Paris yiteguriye ico gikorwa mu 2024.

Mu kwezi kwa gatandatu, akanama kajejwe inkino za Olympique "the International Olympic Committee" (IOC) kakoze amatora yo kumenya abazokwakira inkino zigiye gukurikira - Paris na Los Angeles barabisaba - ariko ntihavugwa ico gihe umwaka bamwe n'igisagara kizoteramisha izo nkino.

Ivyo bisagara vyose vyari vyipfuje kwakira izo nkino mu 2024.

Ishirahamwe IOC ryakeje ingingo ya Los Angeles yo kwakira izo nkino mu 2028, rivuga ko rizoterera imiliyardi $1.8 mu kuzitegurira.

Abaciriye agace BBC bavuze ko kubona LA yemeye kwakira izo nkino mu 2028, aruko yasanze ariho izokwunguka kurusha igihe yoba izakiriye mu 2024.

Uwurongoye umugwi wa LA utegura izo nkino, Casey Wasserman, yavuze mbere "ko ibisagara vyose ubu bifatanye mu nda kwakira inkino za Olympic n'iza Paralympic".

Los Angeles imaze kwakira inkino za Olympique kabiri, mu 1932 no mu 1984.