Man Utd yakiriye Nemanja Matic yahora muri Chelsea

Nemanja Matic yigeze kumenyerezwa na Mourinho akina mu murwi Chelsea Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Nemanja Matic yigeze kumenyerezwa na Mourinho akina mu murwi Chelsea

Umugwi Manchester United wo mu Bwongereza wasozeye amasezerano yo guha akazi ku myaka itatu, umukinyi Nemanja Matic yahora mu mugwi wa Chelsea ku ma pawundi imiliyoni 40.

Uwo mukinyi wo hagati w'imyaka 28, abaye uwa gatatu United iguze inyuma y'umukinyi w'inyuma Victor Lindelof avuye muri Benfica, na Romelu Lukaku avuye Everton.

Umumenyereza wa United Jose Mourinho, yavuze ko Matic "amenyereye gukinira mu mugwi", ko yama yipfuza gushika kure.

Matic yavuze ko "anezerewe" kuja muri Utd "mu gihe ciza cane".

Uwo mukinyi wo hagati aturuka mu gihugu ca Serbia yongeye ati: "Gukorana na Jose Mourinho kandi, ni akaryo ntashobora kugisha.

"Naranezerewe igihe nari muri Chelsea, kandi nipfuza gushimira uwo mugwi hamwe n'abakunzi bawo ingene banshingikiye. Ndindiranye igishika guhura n'abo tuzokinana nkatangura kwimenyereza nabo."