Neymar arondera kuja muri Paris St-Germain ku miliyoni £198

Neymar yateye igikumu ku masezerano azomushikana mu 2021 akinira Barcelone Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Neymar yateye igikumu ku masezerano azomushikana mu 2021 akinira Barcelone

Umukinyi w'imbere wa Barcelona Neymar yarekuriwe n'umugwi wa Barcelone kuvugana n'umugwi wa Paris St-Germain (PSG) wipfuza kumutangako amahera atari bwigere agegwako angana n'imiliyoni z'amapawundi 198 (imiliyoni $262).

Uwo mukinyi aturuka mu gihugu ca Brésil yabwiye abo bakinana ku munsi wa gatatu ko yipfuza kuva muri uwo mugwi wo mu gihugu ca Espagne.

Yahawe uruhusha n'umumenyereza Ernesto Valverde guhagarika imyimenyerezo, akabanza kurangiza ibijanye na kazoza kiwe.

Uwo mukinyi w'imyaka 25 ategekanirijwe gutangwako imiliyoni z'ama euros 222, umugwi wa PSG ukaba wemeye kuyatanga.

Neymar yagiye mu mugwi wa Barcelone avuye mu mugwi Santos wo muri Brésil mu 2013 ku miliyoni 48.6 z'amapawundi, atera igikumu ku masezerano y'imyaka itanu yategerezwa kurangira mu 2016.

Uwumuserukira Wagner Ribeiro yanditse kuri Twitter ku munsi wa gatatu ari i Paris, ko umukiriya wiwe azohembwa amapawundi £650000 ku ndwi akinira uwo mugwi wo mu Bufaransa.

Yavuze ko uwo mukinyi "habuze gato ngo aje muri Manchester United".

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Neymar yagiye mu myimenyerezo ya Barcelone ku munsi wa gatatu, abwira abo bakinana ko agiye kubasezera

Uwo mukinyi wo muri Brésil yinjirije Barcelone ibitsindo 105, afasha uwo mugwi gutwara ibikombe bibiri vya "la liga", ibikombe bitatu mw'ihiganwa ry'"igikombe c'umwami" hamwe n'ico muri "Champions League".