Usain Bolt: Abitera imiti y'inguvu bakwiye guhagarika

Usain Bolt avuga ko abitera imiti baruhira gufatwa mu nyuma Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Usain Bolt avuga ko abitera imiti baruhira gufatwa mu nyuma

Umunonotsi akomeye ku metero 100, Usain Bolt, yavuze ko mu gihe abafise ingeso yo kwitera imiti batohagarika ko inkino zo kunonora imitsi zishobora gupfa mu gihe ariko aritegurira inkino ziwe za nyuma mu buzima.

Bolt amaze gutsindira udushimwe incuro umunani mu nkino za Olympique, ategekanya kuja mu buruhuko bw'iza bukuru mu mpera za kuno kwezi, agasezerera inkino mpuzamakungu.

Uwo mugabo w'imyaka 30, aturuka mu gihugu ca Jamaique, ategekanya kwiruka mu nkino zo gusiganwa z'imetero 100 hamwe n'imetero 4x100, mw'ihiganwa mpuzamakungu ritangura ku munsi wa gatanu mu gihugu c'Ubwongereza.

"Nizeye ko abanonotsi bazobona ibigigwa, ivyo bakeneye kugira ngo inkino zigume zitera zija imbere," niko yavuze.

Agaruka ku cegeranyo catanzwe na McLaren ku bijanye n'ingene ubutegetsi bw'Uburusiya bwatanga amahera yo gufasha kwitera imiti y'inguvu, yavuze ati: "Ku bwanje nibaza ko tugeze mu mpera. Inyuma y'ivyabaye mu Burusiya nibaza ko ata bibi biruta ivyo tuzobona.

"Tumaze imyaka myinshi dukora akazi keza, gasukuye kandi gatuma turonka abanonotsi benshi. Hari abategera ko mu gihe umuntu yivye ko azoruhira gufatwa. Ukwo iminsi igenda, inkino zizobandanya zitera imbere.

"Turi mu nzira nziza kandi nizeye ko bizoguma bija muri iyo nzira."