BBC yiyemeje kwerekana urukino rumwe rumwe mu majonjora ya FA

Umugwi Arsenal niwo wegukanye igikombe ca FA mu mwaka 2016-17 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugwi Arsenal niwo wegukanye igikombe ca FA mu mwaka 2016-17

Ikigo c'itangazamakuru "British Broadcasting Corporation" (BBC) ciyemeje kwerekana urukino rumwe rumwe mu majonjora y'ihiganwa rya FA, ivyo bigatangurana n'urukino rwo ku munsi wa gatandatu.

Kuva igihe ihiganwa rya FA rigarukiye ku mbonerakure za BBC mu 2014-15, ico kigo carerekana inkino mu mwanya ziriko zikinigwamwo nyene (live) kuva mu ntango.

Urukino rwa mbere ruzohuza imigwi ya Litherland REMYCA na AFC Liverpool ku munsi wa gatandatu.

Urukino rumwe rw'igice kimwe kimwe c'ijonjora mw'ihiganwa ryo mu 2017-18 ruzokwerekanwa kuri BBC Sport, abantu bakoresheje mudasobwa, telefone ngendanwa canke imbonerakure.

Izo nkino abantu bazoshobora kuziraba no kuri BBC iPlayer.