Neymar uno munsi ntaza kuboneka mu kibuga mu mugwi wiwe musha PSG

Neymar Uwufise ububasha kw’isanamu Aurelien Meunier
Image caption Neymar avuga ko atajanywe n'amafaranga muri PSG

Kutagaragara mu rukino rwa mbere kwa Neymar aherutse kwegukira PSG aguzwe miliyoni 222 z'ama euros, vyaturutse ku mpapuro ziwe zitarungitswe zose ku gihe.

Urupapuro rwiwe rw'uburenganzira bwo guhindura umurwi (Certicicat de transfer international) rwari rufise ikiringo ntarengwa co gushika iyo yimukiye imbere y'isaha zitandatu z'ijoro ryakeye, ibitashoboye gukunda.

Uyu mukinyi yaciye umuhigo mu kuzimba kurusha abandi bose kw'isi, uyu munsi akurikirana urukino nk'umurorerezi, inyuma yo kwerekwa abafana imbere y'uko rutangura.

Uyu musoire w'umunya Brezil w'imyaka 25 agiye guhembwa miliyoni 45 z'ama euros ku mwaka.

Yemeza ko atagiye muri Paris Saint Germain akwirikira amafaranga.

Yashitse i paris kuri uyu wa gatanu, yakigwa n;abategetsi ba PSG kimwe n' isinzi ry'aba fana.

Kw'iduka ya PSG iri kuri Champs-Élysées, afana barenga 1000 bari batondeye kugura mayo yanditseko nomero 10 y'umukinyi wabo musha.