Gatlin yaciye umuhigo mu gusiga Bolt kwiruka 100m

Bolt yahereje ku mudari w'umujumpu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Gatlin yasize Bolt ariko abarorerezi baramuzomera

Justin Gatlin yababajwe no kuzomerwa, igihe yatangaza abantu mu gusiga Usain Bolt yari afise umuhigo w'isi mu kwiruka 100m.

Gatlin yavuze ko bitari bikweiye ko abarorererzi bahuma akamo.

Ku bwiwe ngo yabaye umugwanyi akomeye, kuko yavuye mu mahiganwa agashobora kugaruka.

Ivyo ngo yizeye ko vyabereye icitegererezoi bandi banonotsi ko bashobora gukora ivyiza kurusha uko basanzwe.

Ngo yifuza ko bamenya ko umuntu ashobora gukora amakosa ariko akigarura, agakora cane hanyuma akongera akemerwa akakigwa.

Gatlin yavuze ko kubona ibipimo vyerekanye ko yafashe imiti yo mu bwoko bwa 'amphetamines' ubwa mbere mu mwaka wa 2001, ngo vyatirutse ku miti yafashe kuva mu buto bwiwe.

Aho yongeye gupimigwa akagaragaza ibimenyetso ko yafashe imiti yongera inguvu kandi mu 2006, yagerageje kwigwanako ngo ntakumigwe burundu mu mahiganwa, mu kwemera gukorana n'abategetsi bari mw'itohoza.

Yahagaritswe imyaka umunani, ariko ihava igabanywa kugeza kuri ine amaze kwunguruza urubanza.

Gatlin yabwiye BBC ko kubona yakirijwe akaruru mu mahiganwa y'abanonotsi mpuzamakungu y'iLondres, ngo n'ikibazo atari bwahure naco kuva mu 2010 asubiye mu mahiganwa.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Gatlin yunamiye Bolt

Amaze guca umuhigo mu kwiruka amasegonda 9.92 kumetero ijana, agasiga Usain Bolt yari afise uwo muhigo, yaciye amwunamira aramushima.

Usain Bolt ari nawe yari afise uwo muhigo yaje ku mwanya wa gatatu, aho yirutse amasegonda 9.95.

Uwabagiye hagati ni uyundi Munyamerika Christian Coleman yirutse amasegonda 9.94.