Arsenal: Icizere cagarutse inyuma y'intsinzi ya Community Shield

Arsenal yegukanye igikombe ca Community Shield Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Arsenal yegukanye igikombe ca Community Shield

Umumenyereza wa Arsenal Arsene Wenger afise icizere ko umugwi ushobora kwiyemera inyuma yaho utsindiye igikombe ca Community Shield ucambuye umugwi wa Chelsea, ugashobora gutangura ihiganwa rya Premier League neza.

Aba Gunners baratsinzwe batangura ihiganwa imikino itatu muri ino myaka ine iheze.

Arsenal izohura na Leicester ku kibuga ca Emirates Stadium ku munsi wa gatanu.

"Twarakinye cane twitegurira ihiganwa ivyo bikaba bikwiye mu kurindira ko dutangura," niko Wenger yavuze.

"Reka tuje muri Premier League twigenza uko twari tumaze iminsi munyuma turabe aho vyodushikana."