Tottenham irondera kugura Bale wa Real Madrid

Gareth Bale arondegwa kandi n'umugwi wa Manchester United Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Gareth Bale arondegwa kandi n'umugwi wa Manchester United

Umugwi wo mu Bwongereza Tottenham woba wipfuza kugura umukinyi Gareth Bale wa Real Madrid, nkuko ikinyamakuru Mirror cavuze.

Nta wuzi neza ariko ko uwo mukinyi w'imbere ashobora gusubira muri uwo mugwi wo mu buraruko bwa Londres yahora akinamwo.

Mu gihe hatanzwe amapawundi imiliyoni 85 igihe Bale ava White Hart Lane agenda Barnabeu mu 2013, uwurongoye Tottenham Daniel Levy avuga ko yarahejeje gutegura kazoza k'uwo mukinyi w'imyaka 28.

Naho atari ukugurisha n'ukuguranura, Spurs ishobora gutanga amahera uwundi mugwi wa Premier League wemeye gutanga muri uwo mugwi ukomeye wo muri Espagne.

Ivyo bisigura ko mu gihe ivyo Manchester United yashikirije vyemewe, Spurs ishobora gutanga ayo mahera mu masaha 72.