Ubunonotsi: Makwala yemerewe gusubira guhiganwa

Umunonotsi Isaac Makwala yemerewe gusubira kwiruka Uwufise ububasha kw’isanamu MATTHIAS HANGST
Image caption Umunonotsi Isaac Makwala yemerewe gusubira kwiruka

Umunonotsi wo mu gihugu ca Botswana yemerewe gusiganwa mu biruka imetero 200 mu gice ca nyuma (finale) kuri uno wa kane, niko ikigo kigenzura ubunonotsi kw'isi IAAF cavuze.

Ico kigo kivuga ko cemereye uwo mugabo inyuma yaho igihugu ciwe, Botswana kibiyisabiye, kandi kigasanga Makwala amagara atamubuza guhiganwa.

Uwo mwirutsi yari yahagaritswe mu mahiganwa y'imetero 200 hamwe n'ihiganwa rya nyuma ry'imetero 400 yagirizwa kuba afise ingwara yandukira.

Abakurikirana uwo munonotsi bo mu gihugu ca Botswana baguma basemerera ko Makwala atagwaye ko ashobora kwiriuka.

Makwala niwe wenyene yashobora guhangana n'umunya Afrika Yepfo Wayde Van Niekerk ku metero 200 na 400.