Ihiganwa Premier League 2017-18 ryatanguye

Sead Kolasinac (i buryo) yinjije igitsindo ciwe ca mbere mu mpera z'indwi iheze mu rukino rwa Community Shield Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Sead Kolasinac (i buryo) yinjije igitsindo ciwe ca mbere mu mpera z'indwi iheze mu rukino rwa Community Shield

Urukino rwa mbere rw'ihiganwa rya Premier League mu gihugu c'Ubwongereza ritangura uno munsi, umugwi wa Arsenal ukaba utana mu mitwe n'umugwi wa Leicester ku kibuga Emirates Stadium.

Umurwi Leicester ukina mw'ijoro na Arsenal, uheruka gutwara igikombe ca Premier League mu mwaka 2015-16 ariko mw'ihiganwa ryo mu mwaka uheze, ukaba warangije ari uwa 12, mu gihe Arsenal bahura yarangije ari iya 5.

Iyo migwi yose ntizoja mw'ihiganwa rikomeye rya Buraya, Champions League, ry'uno mwaka.

Umugwi w'umumenyereza Arsene Wenger uherutse gutahukana igikombe ca Community Shield ku munsi wa Mungu uhura n'umugwi Chelsea wabaye uwa mbere mw'ihiganwa rya Premier League mu mwaka uheze 2016-17.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Chelsea yatsinze ihiganwa Premier League 2016-17 itahukana n'imiliyoni z'amapawundi 150.8

Uhejeje gutsinda mw'ihiganwa ryo mu mwaka uheze, Chelsea yahawe imiliyoni z'amapawundi 150.8 (imiliyoni z'amadolari 195.8) - 50% kurusha ayo Leicester yari yaronse ibaye iya mbere mw'ihiganwa rya 2015-16.

Imigwi ya Arsenal na Leicester ihura uno munsi ifise icizere ku bakinyi bashasha yaguze bashobora kuzana akarusho mu rukino.

Alexandre Lacazette yahora muri Olympique Lyonais na Sead Kolasinac ari mu batumye Arsenal itahukana igikombe ca Community Shield, ni bamwe mu bakinyi bashasha ba Arsenal mu gihe Kelechi Iheanacho yahora muri Man City na Harry Maguire yahora Hull City bari mu bakinyi bashasha ba Leicester.

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Umugwi wa Leicester mu mwaka uherutse kuja hejuru 2015-16

Mu nkino zo mw'ihiganwa riheze, Arsenal yaranganije na Leicester (0-0) mu rukino rwa mbere munyuma Arsenal itsinda Leicester mu rukino rwa kabiri (1-0).