Football: Abakinyi batanzweko amahera menshi bavyerekanye

Urwo rukino rwerekanywe mu bihugu 183 Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Urwo rukino rwerekanywe mu bihugu 183

Umukinyi mushasha wa Paris St-Germain (PSG), Neymar, yaguzwe amahera atari bwashikweko (imiliyoni 260 z'amadolari), yinjirije umugwi wiwe mushasha mu rukino rwa mbere avuye muri Barcelone.

Igitsindo yinjije cavuye ku mupira yahawe na Edinson Cavani.

Uwo mukinyi aturuka mu gihugu ca Brésil yafashije no mu bindi bitsindo vyatumye PSG yikura umugwi wa Guingamp (3-0) muri rukino rugira kabiri rwa Ligue1.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Lukaku (uwa mbere i bubamfu) yinjije ibitsindo 2, Man Utd ihura na West Ham

Ku rundi ruhande umukinyi mushasha wa Manchester United, Romelu Lukaku, yinjije ibitsindo bibiri mu rukino rwa mbere rwa Premier League bahura na West Ham, urukino rwarangiye ku bitsindo 4-0.

Romelu Lukaku yaguzwe imiliyoni 97 z'amadolari avuye mu mugwi Everton.

Ibitsindo vya Lukaku vyinjiye bivuye ku mipira yahawe na Marcus Rashford ubwa mbere, hamwe na Henrikh Mkhitaryan ubwa kabiri.

Aba Red Devils (amashetani atukura) bamaze gutsindwa urukino rumwe mu nkino 14 zugurura ihiganwa rya Premier League ku kibuga Old Trafford.

West Ham yo bubaye ubwa 11 butsindwa mu nkino zo kwugurura ihiganwa.