Burundi: Francine yasubiye kurushwa na Semenya ku 800m

Francine Niyonsaba yatsindiye umudali w'ifeza nk'uwo yari yaronse mu nkino za Olympique za Rio de Janeiro mu gihugu ca Brésil Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/GETTY IMAGES
Image caption Francine Niyonsaba yatsindiye umudali w'ifeza nk'uwo yari yaronse mu nkino za Olympique za Rio de Janeiro mu gihugu ca Brésil

Umunyafrika Yepfo Caster Semenya yaraye atahukanye umudali w'inzahabu ku metero 800, asubira gusiga umurundikazi Francine Niyonsaba yabaye uwa kabiri atwara umudali w'ifeza mu nkino z'i Londres 2017.

Caster Semenya yirutse ubwo burebure ku munota 1:55.16 mu gihe Francine Niyonsaba yakoresheje iminota 1:55.92.

Uwa gatatu yatwaye umudali w'umujumpu ni umunyamerikakazi Ajee Wilson yirutse ubwo burebure 1:56.65.

Semenya yamenyesheje ko yipfuza kuja munsi y'amasegonda 55 mu gihe umwanya muto kw'isi ari 1:53.28 wakoreshejwe na Jarmila Kratochvilova wo muri Tchécoslovaquie mu 1983.