Harry Kane, Alexis Sanchez na Eden Hazard mu bakinyi beza ba mbere

Umukinyi w'imbere wa Tottenham Harry Kane ari mubaharanira agashimwe k'umukinyi mwiza wa 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu Rex Features
Image caption Umukinyi w'imbere wa Tottenham Harry Kane ari mubaharanira agashimwe k'umukinyi mwiza wa 2017

Harry Kane n'umwe mu bakinyi bo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza bari ku rutonde rw'abazoronswa agashimwe na FIFA k'umwaka wa 2017.

Uwo mukinyi wa Tottenham ari ku rutonde rumwe na Alex Sanchez wa Arsenal, umukinyi wo hagati wa Chelsea Eden Hazard na N'Golo Kante ku bantu 24.

Ueatahukanye ako gashimwe mu mwaka uheze, Christano Ronaldo na we nyene ari mu rurwo rutonde, co kimwe na Lionel Messi wa Barcelone hamwe na Neymar ubu akinira PSG.

Zlatan Ibrahimovic yahora akinira Manchester United na we nyene ari muri urwo rutonde.

Uwuzoba uwa mbere azoba yatowe n'abamenyereza b'imigwi hamwe n'abaserukira ibimenyeshamakuru hamwe n'abarorerezi.

Ugutora kuzorangirana n'itariki 7 z'ukwezi kw'icenda, hanyuma abatsinze bamenyekane mu birori vyo gutanga agashimwe bizoba itariki 23 z'ukwezi kwa cumi.