Jose Mourinho ngo yaretse "ifarasi ziwe" zijandajanda uko zishaka

Manchester United yasubiye gutsinda 4-0 mu rukino rwa kabiri rw'ihiganwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Manchester United yasubiye gutsinda 4-0 mu rukino rwa kabiri rw'ihiganwa

Umumenyereza w'ikipe y'umupira w'amaguru yo mu Bwongereza Manchester United, Jose Mourinho, avuga ko yaretse "ifarasi ziwe" zikigina imitavu mu ntsinzi y'uno munsi.

Mu minota ine gusa y'igice ca kabiri United yinjije ibitsindo bitatu vyikurikiranya, vyiyongera ku cari cinjiye mu gice cambere biba 4 ku busa bwa Swansea City.

Mourinho yagize ati: "Hari umunezero mu kuntu twakinye. Ntivyari bikenewe kwugara umwango.

"Numva mpagaze neza; nibiba vyabakundiye mukandaba ukuntu nari meze, nibaza ko vyagaragara mu maso."

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jose Mourinho avuga ko uno munsi yari yorohewe cane kuko abankinyi bavyifashemwo neza

Vyabanje kugorana

United ariko yabanje kubira akuya kuko Swansea yari yazibiye neza, igice ca mbere kirangira ari igitsindo 1-0, cinjijwe na Eric Bally ku mupira wari wakuwemwo n'umunyegoli wa Swansea.

Ariko ku munota wa 80 vyaseye nk'umwango wuguruwe igihe Romelu Lukaku yinjiza neza cane igitsindo ciwe ca gatatu mw'ikipe yiwe nshasha.

Paul Pogba yinjije ica gatatu mu minota ibiri yakurikiye, arovye neza cane umunyegoli, nyuma yaho gatoyi uwinjiye asimbuye, Anthony Martial, aha United intsinzi ya kabiri mw'ihiganwa ya 4-0.