Everton yanganije na Man City

EPL Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Wayne Rooney yashikanye ibitego 200 mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Umugwi wa Manchester City wananiwe gutsinda Everton ku kibuga cawo ca Etihad, aho bavanye banganya 1-1.

Everton izwi kw'izina ry'iritazirano rya The Toffes, ni bo batanguye kwinjiza Man City, ku gitego cinjijwe n'umukinyi w'imbere Wayne Rooney, aho yaciye ashikana ibitego 200 mu nkino zo mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza.

Ku munota wa 82, Man City bagomboye biciye ku mukinyi Raheem Sterling yateye umupira ukomeye mw'igori wananiye gukuramwo umunyegori wa Everton Jordan Pickford.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Raheem Sterling ateye umupira ukomeye wavuyemwo igitego co kugombora

Urwo rukino rwarangiye iyo migwi yose isigaje abakinyi cumi mu kibuga inyuma y'aho umukinyi w'inyuma wa Man City, Kyle Walker hamwe n'umukinyi wo hagati wa Everton, Morgan Schneiderlin baherewe ikarata itukura, inyuma y'aho ubwa mbere bari bahawe ikarata y'umuhondo.